Aller à la page d'accueil
Naviguer en version englaise
 
Secrétariat
Conseillers
Agences
Cellule Communication et Relations Publiques
Cellule Informatique
Médecin Conseil
Actuaire
Audit Interne
Bibliothèque et Archives
 
 
 
 
 
 
Itangazo : Rusansuma yahora itunganywa mu ntango z’ukwezi kwa gatatu

Ubuyobozi bwa ONPR buri n’iteka ryo kumenyesha abanywanyi bose basanzwe baronswa agahembo nico kigo ko rusansuma yahora itunganywa mu ntango z’ukwezi kwa gatatu mu makomine yose agize igihugu cacu itazoba muri uyu mwaka wa 2019 kubera imvo z’ivyigwa vy’ubuhinga biriko birategurwa.

Ubuyobozi bwa ONPR buboneyeho akanya ko guhumuriza abanywanyi bose begwa n’iyo ngingo ko atangaruka n’imwe izobashikira kuko bazobandanya baronswa agahembo kabo ukuri kwamye.

Ubuyobozi bwa ONPR buributsa bukongera bugahimiriza abasirwa bose babahora baronswa agafashanyo n’ico kigo bitavye Imana ko bobimenyesha ni ngoga mu ntumbero yo kuzigama ubutunzi bw’Ikigo. Uwuzobirengako azohanwa n’amategeko.

Ubuyobozi bwa ONPR buramenyesheje kandi abanywanyi ko bazomenyeshwa biciye ku nsamirizi canke ku butumwa butobuto bwo ku ma telefone ngendanwa umwaka buzosubira gutunganya iyindi rusansuma y’abanywanyi.

Ubuyobozi bwa ONPR bubaye burabashimira.

Bigiriwe I Bujumbura, igenekerezo rya 26/2/2019

UMUYOBOZI MUKURU W’IKIGO ONPR,

Valentin BAGORIKUNDA

 
 
Partager cet article sur
 
 
 
 
 
CONNEXION WEBMAIL
uUsername:
Password:
 
 
 
           
     
 
Espace Multimédia